0

Qatar 2022 – Portugal: Ivya Cristiano Ronaldo vyoba birangiriye aha? – BBC

0 0
Read Time:5 Minute, 26 Second

Ahavuye isanamu, Reuters
Na Chris Bevan
BBC Sport ku kibuga Al Thumama Stadium, Doha
Indoto za Cristiano Ronaldo zo gushobora gutsindira igikombe c’isi yose zirarangiye, kandi bisa n’uko ari ubutakigaruka – ariko none twovuga ko umwuga wiwe urangiye burundu?
Aho ashiriwe ku rutonde rw’abasubirizi inyuma yo gushwana n’umumenyereza, urugendo rwa Ronaldo muri rino higanwa ntirwigeze ruboneka ko rwari guhava rurangira mu mahoro – ariko gusa amarira yagize inyuma y’’aho Portugal ikuriwe mw’ihiganwa yabaye incamake y’ingene ibintu bimeze ubu.
Inyuma yo gutsindwa na Maroc bisigura ko uyu mukinyi w’imyaka 37 gushika ubu ata mudari w’intsinzi y’igikombe c’isi yose agiye yambaye – agashimwe konyene agiye ataronse – mu gihe ubu ari ishusho kw’isi yose ariko idafise umurwi n’umwe yovuga iti ‘aha ni muhira’, inyuma y’aho aviriye muri Manchester United mu buryo atari bwiza, hari mu kwezi guheze.
Ico gihe abantu bari basanzwe bariko bibaza nimba yari gusubira gukinira umurwi wiwe, ubu naho, mu gihe abantu muri Portugal bakimukunda cane, hakaba hagiye gukurikira ibibazo kuri kazoza kiwe mu gihugu.
Ronaldo yavuye muri Man U hasigaye igihe gito ngo ihiganwa ry’igikombe c’isi yose ritangure, ariko Qatar yatanguye neza kuri we.
Igitsindo yinjije kuri penalty yateje impari mu rukino rwa mbere rwa Portugal mw’itsinda ryayo igihe ikina na Ghana cabaye ico “ubuhinga budasanzwe” ku bwa Fifa, kikaba camutumye yitwa umukinyi wa mbere yinjije mu mahiganwa atanu y’igikombe c’isi yose.
Ariko kuva ico gihe ibintu vyaciye bitangura kugenda nabi, mbere akaba atashoboye no kwinjiza igitsindo na kimwe mu nkino zibiri zakurikiye atanguzwa mu kibuga, imbere y’uko acanamwo n’umumenyereza  Fernando Santos inyuma y’aho amusubirije mu rukino rwabahuje na Korea y’Epfo.
Inyuma yo gushirwa ku ntebe y’abasubirizi mu rukino n’Ubuswisi mu gice c’umunani gishira ica nyuma – bukaba bwari bwo bwa mbere adatangujwe mu kibuga mu nkino zikomeye nk’izi kuva mu 2008 – umusore yamusubiriye Goncalo Ramos yateye bitatu wenyene, ubwo nyene Ronaldo aca yitwa igihangange co ku ntebe y’abasubirizi.
Ahavuye isanamu, Reuters
Ronaldo yagiye mu cumba c'iyambariro akorora amosozi inyuma y'aho Portugal itsindiwe na Maroc mu gice ca kane gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose
Ni nako yakinishijwe mu rukino rwa nijoro na Maroc, n’aho yahawe hafi igice ca kabiri cose, kuva ku munota wa 51, aho nyene igihugu ciwe camaze kurya kimwe ku busa.
Kuboneka mu kibuga vyonyene vyasiguye ko yari aciye uwundi muhigo  – urukino mpuzamakungu rwiwe rwa 196, aca anganya n’umusatirizi wa Koweit  Bader Al-Mutawa ku ruhande rw’abagabo – ariko nta kintu kinini yakoze ugereranije n’ivyo yagiye arakora mu myaka iheze.
Ronaldo yari asanzwe yaraciye umuhigo ku bitsindo vyinshi mu nkino mpuzamakungu ku ruhande rw’abagabo, aho afise 118, ariko ntiyigeze aboneka ko yari gushobora kwiyongera iteka imbere ya Maroc yaboneka ko yari yariye amavubi.
Ronaldo yashoboye gukora ku mupira incuro cumi gusa kandi vyamusavye ko akina gushika ku munota wa 91 kugira ngo ashobore gutera mw’igori, ariko ukaba wari umupira utari ufise inguvu nyinshi zo gutera ubwoba umunyegori wa Maroc, Yassine Bounou, azwi cane nka Bono.
Mu gihe Ronaldo yagumye yerekana ishaka, arindiriye ko aronka umupira mwiza kugira ngo akure mu kabaregwa igihugu ciwe, ntiwigeze ushika.
Igihe umupira wari utewe na Rafael Leao ku munota wa 97 ukamuca hejuru imbere y’uguterwa n’umutwe na Pepe akawutera inyuma, Ronaldo, ari muri ka gace ka mukorumbone, yakubise amavi hasi n’umwiheburo, yiremeka amaboko, icerekana ko yasa n’uwari abonye ko ivyiwe birangiye.
Ifirimbi ya nyuma imaze kuvuga, yararamukanije na bamwe mu bakeba biwe, hanyuma aca ava mu kibuga ubudakebuka, aherekejwe n’uwufata amashusho (cameraman). Mu kanya isase, umufana yagerageje guca mu ryahumye abajejwe umutekano arondera ingene yomusaba kwifotoza i selfie nawe, ariko biranka.
Ronaldo amaze kuzimangana mu kibuga yerekanywe ariko atera aja mu cumba c’iyambariro n’amarira, amosozi azokwibutsa ingene avuye mw’ihiganwa, hampande y’ugucanamwo n’umumenyereza wiwe.
Inyuma y’aho, Santos yafashe nk’ibisanzwe uku gucanamwo kwiwe na Ronaldo, mu kuvuga ati: "Si nibaza ko ivyashikiye Ronaldo hari ingaruka vyagize ku rukino, n’aho hari ababineguye. Twese turi hamwe.
"Nimba twovuga ko hari abantu babiri bababaye cane, ni Ronaldo na jewe nyene. Iki kiri mu bigize akazi ku mumenyereza n’umukinyi”.
Ahavuye isanamu, EPA
Cristiano Ronaldo yatanguriye ku ntebe y'abasubirizi mu rukino rw'igice ca kane gishira ica nyuma Portugal yakinye na Maroc
Bafise kuba bunze ubumwe, ariko Portugal iratashe – inyuma y’ibibazo vyinshi, aho abantu bibaza nimba koko umurwi w’iki gihugu hari ico woshikako utari kumwe n’iyi nyenyeri yawo.
Ibihe biha ibindi kandi ni ibisanzwe ko imirwi ikomeye itsindwa mu nkino zikomeye, ariko, n’aho Santos yogenda canke akaguma ari umumenyereza, Ronaldo si umuntu agiye kwibagirwa vuba.
Aracafise iteka mu gihugu ciwe inyuma y’ivyo yagikoreye mu gutsindira igikombe ca Bulaya mu 2016 (Euro 2016), igikombe ca mbere gikomeye mu nkino nkuru nkuru.
Igitigiri c’abafana ba Portugal bari bambaye imipira yanditseko 'Ronaldo 7' hanze y’ikibuga Al Thumama Stadium ejo ku wa gatandatu kirerekana neza ko batibagira ibihe vyiza vya kahise kiwe n’aho ibiherutse kuba mu ndwi nkeya ziheze atari vyiza.
Mushiki wa Ronaldo, Katia Aveiro, yaravugiye abatari bake abicishije mu butumwa bwuzuye umubabaro ku rubuga rwa Instagram inyuma yo gutsindwa na Maroc.
Yatanguye ati: "Igihe abuzukuru banje bazombaza ivyerekeye urugamba, iteka, icubahiro, akazi, ukwitanga, inzitizi, ububi bw’abantu buciye kw’ishari; ni bansaba kuvuga ivyerekeye ibikombe, ibitsindo, ubushimwe, inyandiko z’umurage utarigera uboneka, nzobabwira ivyerekeye musazanje, se wabo”.
Arangiza avuga ati: "Nzobabwira ivyerekeye ubwami yubatse, nzobabwira inguvu ziwe, ivyo yemeye n’ivyo yakoze, nzobabwira amateka yiwe, nzobabwira ko atigeze acika intege n’igihe baba bamaze kumwimbira icobo. Nzobereka firime [film], firime nyayo y’ubuzima bwa se wabo”.
Ntituzi ingene iyo firime izorangira, ariko mu gihe vyoshika agakina ihiganwa ry’igikombe c’isi yose rigira gatandatu, vyoba ari ibintu bitangaje cane.
Ico gihe, ni ukuvuga mw’ihiganwa rindi ry’igikombe c’isi yose, azoba afise imyaka 41, ariko nimba yipfuza irindi teka, aracafise amahirwe mw’ihiganwa ry’igikombe ca Bulaya kizoba mu 2024.
Ikindi kibazo nyamukuru ni ukumenya ni uyuhe murwi asobora kuzoba akinira.
Hari imirwi itari mike yipfuza kugura Ronaldo muri ka kanya k’igura n’igurishwa ry’abakinyi ko mu kwa mbere, harimwo Al-Nassr  wo muri Arabia Saoudite wamaze no kumwemerera agashahara gafadika mu ndwi iheze.
Uburasirazuba bwo hagati si ahantu yaronderera na gato – ariko mu misi dushobora kuba ari yo tuzomubona.
 
© 2022 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga. Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi

source

Happy
Happy
0 %
Sad
Sad
0 %
Excited
Excited
0 %
Sleepy
Sleepy
0 %
Angry
Angry
0 %
Surprise
Surprise
0 %